4 kuko twe n’ubgoko bgacu twaguzwe, ngo tugesezwe, twicwe, duhone. Iyo tuba twaraguzwe ngo tuje mu buja gusa, nocereje, kuko naho vyodukomereye cane, sinorinze kugora umwami.
Yamara rero, imibiri yacu n’ imwe n’iya bene wacu, kand’ abana bacu ni bamwe n’ababo; kand’ ehe rāba abahungu bacu n’abakobga bacu turiko turabata mu buja. Mbere bamwe bo mu bakobga bacu baramaze kubushikamwo, kandi twabuze uko tugira, kukw amatongo yacu n’inzabibu zacu bimaze kujanwa n’abandi.
Nuko barungika ivyo vyete babiha intumwa zibijana mu bihugu vy’umwami vyose, ngo bageseze Abayuda bose, abakuru n’abato, n’ibibondo n’ abagore, ngo babice, babahonnye ku musi umwe, ni wo musi w’ icumi na gatatu w’ukwezi kw’ icumi na kabiri kwitwa Adari, kandi banyage n’ivyabo.
Nuko mwami, ni wavyemera, hoshingwa iteka, bakaryandika ngo barandurwe; nanje nzotanga italanto z’ifeza ibihumbi cumi, ndazihe abajejwe itunga ryawe, bazishire mu bubīko bgawe, mwami.
Maz’ umwami Ahasuwerusi abaza umwamikazi Esiteri, ati Ni nde yubahutse kwīgīra inama nk’iyo, kand’ ari hehe?
Esiteri aramwishura, ati N’umubisha kandi n’umwansi, ni we uyu muyobe Hamani! Maze Hamani acikira ivutu imbere y’umwami n’umwamikazi.
Mur’ ivyo vyete umwami yemerera Abayuda bari mu bisagara vyose kwirema inteko ngo bīrwanire, bageseze aboza kubatera bose bo mu moko yose yo mur’ ivyo bihugu, babice, babahonnye, hamwe n’abana babo n’abagore babo, banyage n’ivyabo;
Mbega noshobora nte kwihanganira kurāba ivyago bizoba ku bgoko bgacu? Canke noshobora nte kwihanganira kurorēra umuryango wacu urik’ uragesezwa?
ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.
Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.
kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.
Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,
Kand’ Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu māto, mujanye ya nzira nababarira, nti Ntimuzosubira kuyibona ukundi; mushitseyo muzokwishōra mu bansi banyu, ngo mube abagurano n’ abaguranokazi, ariko ntimuzobona uwo kubagura.
Nuko rero muravumwe, ntimuzobura kwama mur’ abaja, mube abashenyi n’abavomyi b’inzu y’Imana yanje.
N’ugume aho ndi, ntutinye; kuk’ ūmpīga ari we aguhīga: ariko ni wagumana nanje nta co uzoba.