Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ umwamikazi Esiteri aramwishura, ati Namba ngize ubutoni imbere yawe, mugenzi, ukavyemera, mwami, nsabiye agatwe kanje, nsabiye n’ubgoko bgacu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 7:3
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abamenyekana biwe baramubarira, bati Twumvise kw abami b’Abisirayeli ar’ abami b’ abanyakigongwe; enda rero ni dukenyere amagunira, twīte ibiyonzoyonzo mw izosi, dusokoroke tuje ku mwami w’Abisirayeli; kumbure yoguhangaza.


Umwami arongera atuma uwundi mugabisha w’ingabo mirongwitanu nyene, ari kumwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mugabisha wa gatatu aradūga; ashitse apfukama imbere ya Eliya, aramwinginga, ati Yewe muntu w’Imana, ndakwinginze, amagara yanje bo n’ay’ aba basavyi bawe ukw ari mirongwitanu n’agutere imbabazi.


Amuha n’ ikopi y’ivyanditswe vy’iryo teka ryamamajwe i Shushani ryo kubageseza, ngw ayereke Esiteri, abimusobanurire; aheze amwihanikirize ngw aje ku mwami, amwinginge, atakambire ubgoko bgabo kuri we.


namba ngize ubutoni imbere yawe, mwami, ukemera kumpa ico nsaba, no gushitsa ico ndondera, mwokwongera kuza, mwe na Hamani, ku giturire nzobītegurira; kand’ ejo ico uvuze nzogikora, mwami.


Umwami aca ahagurukana uburake, ava ku giturire ca vino, arasohoka aja mu nyubakwa yo ku ngoro; Hamani na we ava hasi ngw asabire agatwe kiwe ku mwamikazi Esiteri; kuko yar’ abonye k’umwami amaramaje kumwica.


aravuga, ati Mwami, ni wavyemera, kandi namba ngize ubutoni imbere yawe, ukabona kw ar’ ibibereye, kandi nanje nkaguhimbara, hokwandikwa ivyete vyo gukūra bimwe vy’inama mbi Hamani mwene Hamedata Umwagagi yandikishirije guhonnya Abayuda bari mu bihugu vyawe vyose, mwami.


Maze Satani yishura Uhoraho, at’ Amagara akābga ayandi! Mber’ ivy’ umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.


uz’ ubabgire, uti Nari kwinginga umwami ngo yoye kunsubiza mu nzu kwa Yonatani, ngo ngweyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ