Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuk’ uwo musi Hamani asohoka ahimbawe, afise akanyamuneza mu mutima; arikw abonye Moridekayi ku kirimba i bgami, atamuhagurukiye canke ngw amuroresheko n’ijisho, bimutera gushungumirwa cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 5:9
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Ahabu arataha ashavuye yijiriwe, kubg’ iryo jambo Naboti w’i Yezireli yamubariye: kuko yamubariye, ati Sinoguha ishamvu ya ba sogokuruza. Nukw aragenda yiryamira ku kirwa, aroresha amaso hirya mu rusika, yanka gufūngura.


Aramwishura, at’ Ikimbabaje n’uko nabariye Naboti w’i Yezireli, nti Mpa urwo ruzabibu rwawe ndarugure, nti Canke ndaguhe urundi mu gishingo carwo; akambarira kw atampa uruzabibu rwiwe.


Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami.


Maz’ abagendanyi b’ umwami bose bāri ku kirimba i bgami bunamira Hamani, bakamwikubita imbere, kuk’ umwami yari yābishinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubita imbere.


Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye canke ngw amwikubite imbere, aca arashangashirwa.


Arikw ivyo vyose nta co bimmariye, nkibona wa Muyuda Moridekayi yicaye ku kirimba i bgami.


Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Kand’ asangw’ abo mu rugo rwanje batavuga, Bati Ni nde yobona umuntu n’umwe atāhāgijwe n’inyama yagabura?


Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.


Nah’ ingabo zosagaza ngo zintere, Umutima wanje ntiwotinya; Nah’ intambara yovyuka ikandwanya, No muri yo norema.


Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.


Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ