Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Esiteri aramwishura, ati Mwami, ni wavyemera, uyu musi wozanana na Hamani ku giturire mbīteguriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 5:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramubarira, ati Vyīgize hino, nanje ndye ku vyo wahīze, mwana wanje, kugira ngo nguhezagire. Arabimwegereza, ararya: amuzanira vino, arashōza.


kandi muvuge, muti Mbere n’umusavyi wawe Yakobo ar’ inyuma yacu. Kuko yiyumviriye, ati Reka ndamuhōyahōyeshe indamukanyo zinyītangiye imbere, mpeze mbone guseruka imbere yiwe: kumbure yondeka akampangaza.


Kandi n’umwamikazi Vashiti atumirira abagore amazimano mu ngoro y’umwami Ahasuwerusi nyene.


Nukw izo ntumwa zigenda zihuta, kubgo kwihanikirizwa n’ umwami; iryo teka ryamamara no ku murwa i Shushani. Maz’ umwami na Hamani biyicarira ngo banywe; arikw abo ku murwa i Shushani barumirwa.


Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.


Nuk’ umwami aravuga, ati Ni munyarukane Hamani, kugira ngo bibe nk’uko Esiteri avuze. Nuk’ umwami na Hamani baja ku giturire Esiteri yiteguye.


namba ngize ubutoni imbere yawe, mwami, ukemera kumpa ico nsaba, no gushitsa ico ndondera, mwokwongera kuza, mwe na Hamani, ku giturire nzobītegurira; kand’ ejo ico uvuze nzogikora, mwami.


Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.


Igipfu gihogomboka ivy’ uburake bgaco bgose, Arik’ umunyabgenge we, iyo buje arabutsindagira, akabuhwamika.


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ