Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 5:3
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aravuga, ati Har’ ico ngusaba gitoya, ntukinyime. Umwami aramwishura, ati Kimbarire nyina wanje, sindakikwima.


Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Esiteri aramwishura, ati Mwami, ni wavyemera, uyu musi wozanana na Hamani ku giturire mbīteguriye.


Bakiri ku giturire ca vino, umwami abaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.


Maze kur’ uwo musi ugira kabiri wo kunywa igiturire ca vino, umwami yongera kubaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki ga mwamikazi Esiteri, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.


Nuk’ umwami abgira umwamikazi Esiteri, at’ Abayuda bishe abagabo amajana atanu ku murwa i Shushani, barabarandura, bica na bene Hamani ukw ar’ icumi. Mbega none mu bindi bihugu vyanje bakoze ibingana iki? Har’ ico usaba na none ukagihabga? Har’ ikindi urondera kigakorwa?


Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.


at’ Ugomba ko ngukorera iki? Iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwami wanje.


Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ