Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuk’ umwami abonye umwamikazi Esiteri ahagaze mu karusha, Esiteri agira ubutoni imbere yiwe; umwami atunga Esiteri inkoni y’ izahabu yar’ afise mu minwe. Maze Esiteri aca yīgira hafi, akora ku mutwe w’iyo nkoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 5:2
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.


Ashima uwo mwigeme, aramutonesha; agira umwete wo kumuha ivyo kwisīga ngw ayagayage mu maso, amuha n’igisa yagerewe, amuha n’abakobga ndwi, atoranije mu rugo rw’umwami: aramwunguruza bo n’abo bakobga, amushira aharusha ahandi kuba heza mur’ iyo nzu y’abigeme.


at’ Ereg’ abamenyekana b’umwami bose, n’abantu bo mu bihugu vy’umwami, barazi yuk’ umuntu wese, ar’ umugabo cank’ umugore, yosanga umwami mu karusha, adahamagawe, har’ icagezwe kimwe gusa kuri ben’ uwo, n’ukwicwa; shit’ umuntu umwami atunze inkoni y’izahabu y’ubugabe bgiwe: bibaye birtyo, uwo ni we akira. Ariko jeho mmaze imisi mirongwitatu ntararengukishwa n’umwami.


Maz’ umwami atunga Esiteri ya nkoni y’izahabu. Nuko Esiteri ava hasi, ahagarara imbere y’umwami,


Nkunda Uhoraho, kuko yumvise Ijwi ryanje n’ukwinginga kwanje.


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ