Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ incoreke za Esiteri n’ inkone ziwe baraza barabimubarira; umwamikazi arababara cane: arungikira Moridekayi imyambaro yo kumwambika, ngo bamwambure igunira: ariko ntiyavyemera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 4:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.


Yehu yunamura amaso arangamiza mw idirisha, aravuga, ati Ni nde aherereye ku ruhande rwanje? Yoba nde? Nukw abantu b’inkone nka babiri canke batatu baramurunguruka.


Arik’ umwamikazi Vashiti yanka kuza ngo yemere ijambo ry’umwami ryatumwe izo nkone: bituma umwami ashangashirwa rwose, uburake bgiwe buraziriringa.


Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota.


Nuko Esiteri ahamagaza Hataki, umwe mu nkone z’umwami, uwo umwami yamuhaye ngw amutume, amutuma kuri Moridekayi amwihanikirije, ngw amubaze ibibaye ivy’ ari vyo n’inyanduruko yavyo.


Ku musi w’umubabaro wanje narondeye Umwami Imana: Ukuboko kwanje mw ijoro kwararāmvuwe, ntikwatenzura; Umutima wanje wanka kwirurwa.


Kand’ umunyamahanga yifatanije n’Uhoraho yoye kuvuga, at’ Uhoraho ntazobura kuntandukanya n’abantu biwe; canke n’inkone yoye kuvuga, it’ Erega nd’ igiti cumye.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Induru yumvikana i Rama, amaborogo n’amarira menshi: Rakeli aririra abana biwe, yanka kwīrūrwa umubabaro w’abana, kuko batakiriho.


Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ