Esiteri 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.
ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!