Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 4:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku ngoma ya Ahasuwerusi, (Ahasuwerusi uyo, ni we yaganza ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya),


Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Arinda ashika n’ inyuma y’ikirimba c’i bgami: kukw ata wemererwa guca mu kirimba c’i bgami yambaye igunira.


Maz’ incoreke za Esiteri n’ inkone ziwe baraza barabimubarira; umwamikazi arababara cane: arungikira Moridekayi imyambaro yo kumwambika, ngo bamwambure igunira: ariko ntiyavyemera.


yo gushinga ivy’ iyo misi ya Purimu mu bihe vyayo vyashinzwe, nk’uko Moridekayi Umuyuda n’umwamikazi Esiteri babigeze, na bo bakavyisezeranira ubgabo no ku ruvyaro rwabo, mu vyo kwisonzesha no mu vyo kuboroga kwabo.


Nuko yābīra urujo rwo kwiyagarisha; araheza yicara ku gikuburiro c’umunyota.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Non’ ukwisonzesha nshima, mugira ngo kumeze gurtyo? Mugira ngo n’umusi wo kwibabarizamwo, no kujondamika umutwe nk’urufunzo, no kwisasira amagunira n’umunyota? Mbeg’ ivyo ni vyo mwita kwisonzesha, n’ umusi jewe Uhoraho nnezererwa?


bazorenza amajwi bakuririra, baboroge cane, biyorere imikungugu ku mitwe, bikumbagaze mu minyota:


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Inkuru zishika ku mwami w’i Ninewe, ahaguruka ku ntebe yiwe yiyambura imyambaro yiwe, yambara igunira, yicara mu munyota.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo.


N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ