2 Arinda ashika n’ inyuma y’ikirimba c’i bgami: kukw ata wemererwa guca mu kirimba c’i bgami yambaye igunira.
Imisi y’ikigandaro ishize, Yosefu abarira abo mu rugo rwa Farawo, ati Ni mwaba mumbabaye, ndabasavye mumbaririre Farawo,
Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro.
Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota.
Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambara impuzu zishajije n’abinibanibira baba mu ngo z’abami.