3 Maz’ abagendanyi b’ umwami bāri ku kirimba i bgami, babaza Moridekayi, bati N’iki gituma uca mu cagezwe c’umwami?
Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami.
Maz’ abagendanyi b’ umwami bose bāri ku kirimba i bgami bunamira Hamani, bakamwikubita imbere, kuk’ umwami yari yābishinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubita imbere.
Nuko bashishikara kubimubarira uko bukeye, ntiyabumvira; baca babibarira Hamani, ngo barābe ivya Moridekayi uko vyoba, kuko yari yābabariye ngo n’Umuyuda.
Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.