Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ashima uwo mwigeme, aramutonesha; agira umwete wo kumuha ivyo kwisīga ngw ayagayage mu maso, amuha n’igisa yagerewe, amuha n’abakobga ndwi, atoranije mu rugo rw’umwami: aramwunguruza bo n’abo bakobga, amushira aharusha ahandi kuba heza mur’ iyo nzu y’abigeme.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 2:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ Uhoraho aba kumwe na Yosefu, amugirira neza, amuha gutona ku murinzi w’ibohero.


Yosefu atona kuri we, aba ingendanyi yiwe; maz’ amuhindura umubgiriza wo mu rugo rwiwe, amuzeza ivy’ afise vyose.


uharire abantu bawe ivyaha n’ibicumuro vyabo vyose bagucumuyeko, ubahe gutera akagongwe ababafashe mpiri, kugira ngo babagirire imbabazi;


uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Nuk’ umwigeme wese yashikwako n’urubu rwiwe rwo kujanwa ku mwami Ahasuwerusi, amaze amezi cumi n’abiri akorerwa ivy’ abigeme, nk’uko vyashinzwe, kukw igihe co kwitunganya kwabo ari ko cari kimeze: bāhabga amavuta arimw’ isenga kumara amezi atandatu, yandi mezi atandatu bagahabga ibitāmirana, n’ ivyo abigeme bāgerewe kwisīga ngo bayagayage mu maso.


kandi n’ ushireh’ abantu mu bihugu vyawe vyose, mwami, ngo bakoranirize hamwe abigeme bose b’inkumi beza‐beza ku murwa i Shushani, bashirwe mu nzu y’abigeme, babashikirize Hegayi inkone y’umwami, asanzwe arinda abigeme, bahabge ivyo kwisīga ngo bayagayage mu maso.


Nuk’ umwami abonye umwamikazi Esiteri ahagaze mu karusha, Esiteri agira ubutoni imbere yiwe; umwami atunga Esiteri inkoni y’ izahabu yar’ afise mu minwe. Maze Esiteri aca yīgira hafi, akora ku mutwe w’iyo nkoni.


Agatuma batera akagongwe Abābajanye kw inyagano bose.


Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.


Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ