4 Maz’ umwigeme uzoshima az’ abe umwamikazi mu gishingo ca Vashiti. Nuk’ umwami ashima iyo nama, abigenza artyo.
Iyo nama Abusalomu arayishima cane, n’abakuru b’Abisirayeli na bo n’uko.
Iyo nama umwami n’abaganwa barayishima; umwami abigenza nk’ukw inama ya Memukani yar’ iri.
Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami.
kandi n’ ushireh’ abantu mu bihugu vyawe vyose, mwami, ngo bakoranirize hamwe abigeme bose b’inkumi beza‐beza ku murwa i Shushani, bashirwe mu nzu y’abigeme, babashikirize Hegayi inkone y’umwami, asanzwe arinda abigeme, bahabge ivyo kwisīga ngo bayagayage mu maso.
Ku murwa i Shushani hār’ Umuyuda yitwa Moridekayi mwene Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi wa Kishi, Umubenyamini.
Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.
Uko ni kw ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kand’ ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake.