Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi,
Kand’ abār’ akadasohoka ku mwami bāri Karishena na Shetari na Adimata na Tarishishi na Meresi na Marisena na Memukani, abaganwa ndwi b’i Buperesi n’i Bumedi; bār’ abishikira b’umwami, bakaba n’aba mbere mu bgami bgiwe.