Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 10:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kand’ ibikorwa vyose yakoresheje ububasha bgiwe n’ubushobozi bgiwe, bo n’amajambo adondora neza ubukuru bga Moridekayi, uburyo umwami yamushize hejuru, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Bumedi n’i Buperesi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 10:2
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Moridekayi arasohoka, ava imbere y’umwami, yambaye imyambaro y’ubgami y’amasufe n’iyera, n’igitsibo kinini c’izahabu, n’imvune yera nziza y’inyambarabami; nukw abo ku murwa i Shushani basemerera banezerewe.


Moridekayi uwo yar’ agahambaye mu rugo rw’umwami, kandi yari rurangiranwa mu bihugu vyose: kuk’ uwo mugabo Moridekayi yarushiriza kuba agahambaye.


Ivyo babisuzumye, basanze ari ko biri, abo bompi babamanika ku giti; maz’ ivyo vyandikirwa imbere y’umwami mu gitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe.


Iryo joro nyene umwami abura itiro; aca avuga ko bazana igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko bagisomera umwami.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Kandi wampaye inkinzo, ni yo gakiza kawe, Ukuboko kwawe kw’i buryo kurandamira, Ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru.


Ibindi vyose vyadonzwe kuri Ahabu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ inzu yubatse isharijwe n’amahembe y’inzovu, n’ibisagara vyose yubatse, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’ abami b’Abisirayeli?


Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yerobowamu, n’intambara yarwanye, n’uburyo yaganje, vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.


Ibindi vyose vyadonzwe kuri Salomo, n’ivyo yakoze vyose, n’ ivy’ ubgenge bgiwe, mbega ntivyanditswe mu Gitabo c’Ivyakozwe na Salomo nyene?


Umwami aca yiyambura impeta, iyo yari yatse Hamani, ayiha Moridekayi. Maze Esiteri ashikiriza Moridekayi urwo rugo rwa Hamani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ