9 Kandi n’umwamikazi Vashiti atumirira abagore amazimano mu ngoro y’umwami Ahasuwerusi nyene.
Mbere ku ngoma ya Ahasuwerusi, ari ho agishika ku ngoma nyene, bandika ivyo kurega ababa i Buyuda n’ab’ i Yerusalemu.
Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi,
Kandi mur’ ukwo kunywa vyashinzwe ngo ntihagire ūgōbērwa; kuk’ umwami yari yageze abasuku biwe ng’ umuntu wese agire ukw agomba.
Esiteri aramwishura, ati Mwami, ni wavyemera, uyu musi wozanana na Hamani ku giturire mbīteguriye.
namba ngize ubutoni imbere yawe, mwami, ukemera kumpa ico nsaba, no gushitsa ico ndondera, mwokwongera kuza, mwe na Hamani, ku giturire nzobītegurira; kand’ ejo ico uvuze nzogikora, mwami.