Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Amara imisi myinshi yerekana ubutunzi bg’ ubgami bgiwe bg’icubahiro, n’ igitinyiro c’ubugabe bgiwe bg’ agahebuza; ashitsa imisi ijana na mirongumunani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 1:4
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Enda ni wisakare ubgiza n’ ubukuru, Wambare icubahiro n’igitinyiro!


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera,


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo,


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


Maz’ abātumwe Hezekiya abākīra neza, abereka mu nzu ah’ abīka ibintu vyiwe vy’igiciro, amafeza n’amazahabu n’imibavu n’amavuta y’igiciro kinini, no mu nzu hose ah’ abīka ivyo kurwanisha, n’ikintu cose co mu vyo atunze cariho. Nta kintu na kimwe co mu ngoro yiwe canke co mu gihugu ciwe cose Hezekiya atāberetse.


Nzovuga ubgiza bg’igitinyiro c’icubahiro cawe, Nzoririmba ibikorwa bitangaje wakoze.


Uhoraho arahangamye, avogereye mu cubahiro; Uhoraho aravogereye, akenyeje inkomezi. Noneh’ isi na yo irashimangiye, ntinyiganyizwa.


Wa muhizi we, ambara inkota yawe kw itako, Ambara ubgiza bgawe n’icubahiro cawe.


Ubgiza bgiwe ni bginshi kubg’ agakiza kawe, Icubahiro n’igitinyiro ubimushizeko.


Uhoraho akuza Salomo cane imbere y’Abisirayeli bose, amuha icubahiro c’ubgami kitīgeze kuba ku mwami n’umwe mu bamwītangiye imbere mu Bisirayeli.


mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Nukw iyo misi ishize, umwami atumira abantu bose bari ku murwa i Shushani, abahambaye n’ aboroshe; bamara imisi ndwi mu nyubakwa yo mu rugo rwo ku ngoro y’umwami.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ