Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 9:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.


Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


Kand’ ivyo wihanikirije na vyo birampimbara, Ni vyo bajanama banje.


Ibisagara vyawe vyera vyacitse ubugaragwa, i Siyoni hacitse ubugaragwa, i Yerusalemu hacitse amatongo.


Amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, wo mu baherezi bāba muri Anatoti mu ntāra ya Benyamini.


ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi;


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Imyaka mirongwirindwi ni yarangira mur’ i Babuloni, nzobagendera, mbashitsekw ijambo ryanje ryiza, mbagarukane aha hantu.


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Nta kirenge c’umuntu kizoba kikihahita, cank’ urwara rw’igitungwa, kandi hazomara imyaka mirongwine ata kikihaba.


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi?


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Iyo nkone ibaza Filipo, iti Ndakubaza: uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi?


Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ