Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;
baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.
Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.