Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 6:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 6:28
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.


Wacunguje abantu bawe ukuboko kwawe, Ni bo ruvyaro rwa Yakobo na Yosefu. Sela.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ