Daniyeli 6:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
kandi Salomo yari yashinze ikintu kirekire c’imiringa co guhagararako; uburebure bgaco bg’ umurambararo bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atanu nyene, uburebure bg’igihagararo bgar’ amatambge atatu; yari yagishinze mu rugo rw’intangāro hagati; ni ho yar’ ahagaze; nukw araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,