Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 5:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 5:29
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Farawo aca yiyambura impeta irikw ikimenyetso, yo ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke, amwambika impuzu zera nziza, amwambika n’umugufu w’izahabu mw izosi,


Kuk’ uwo Muyuda Moridekayi, uwar’ amurengeye yar’ umwami Ahasuwerusi gusa, kandi yar’ agahambaye mu Bayuda, yashimwa n’ab’i wabo uko bangana; kandi yama yendeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro.


Kuko bizokubera umugāra w’ubuntu mu mutwe, N’imigufu mw izosi.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ