Daniyeli 5:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.
Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.