Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 4:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 4:22
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Ararota, abona icuririzo gishinzwe hasi, umutwe waco ugashika mw ijuru: abona abamarayika b’ Imana bakidūgako, bakimanukako.


Maze Natani abarira Dawidi, at’ Ereg’ uwo muntu ni wewe nyene. Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze, ati Ni jewe nakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli, ndagukiza, ngukūra mu maboko ya Sauli;


Ariko hāriy’ ūvugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi; aragenda aja gusanganira izo ngabo zihindukiye i Samariya, arababarira, at’ Ereg’ icātumye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza agabura Abayuda mu maboko yanyu n’uko yar’ abarakiye, ariko mwebge mwabicanye ishavu ryinshi rishika mw ijuru.


Kukw imbabazi zawe ari nyinshi zigera hejuru y’ amajuru; Ukuri kwawe gushika no mu bicu.


Uhoraho, imbabazi zawe zishika mw ijuru, Ukuri kwawe gushika no mu bicu.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Inkukuma niniya, y’amababa manini n’amoya maremare, ifise ivyoya vyinshi vy’amabara atar’ amwe, yaje i Lebanoni, ica agatwetwe k’igiti citwa isederi,


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Ico giti kirakura, kirakomera, ubushorishori bgaco bushika kw ijuru, kibonwa n’abo ku mpera y’isi yose.


kand’ ibibabi vyaco vyari vyiza, kikaba cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kandi kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose, kand’ ibikōko vyo mw ishamba bikugama musi yaco, ibiguruka mu kirēre bikārika mu mashami yaco;


Hashize amezi cumi n’abiri yarikw aranobanga mu rugo rwiwe i Babuloni.


Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye.


Kuko Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’umwābiriye.


Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’ Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ