Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 4:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 kand’ ibibabi vyaco vyari vyiza, kikaba cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kandi kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose, kand’ ibikōko vyo mw ishamba bikugama musi yaco, ibiguruka mu kirēre bikārika mu mashami yaco;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 4:21
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo inyoni n’ibisīga vyārikakw ivyāri: Agasoza gafise inzu yako ku biti vy’akajwari.


ku musozi muremure w’i Bgisirayeli ni ho nzogatera; na ko kazoshamika amashami, kame imbuto, kabe igiti c’isederi ciza; kand’ inyoni n’ ibisīga vyose vy’amoko yose bizokwibera musi yaco; mu gitūtu c’amashami yaco ni ho bizoba.


N’ibiguruka vyose vyo mu kirēre bikārika mu mashami yaco; n’ ibikōko vyose vyo mw ishamba bikavyarira ivyana vyavyo musi y’amashami yaco, n’amahanga yose ahambaye akibera mu gitūtu caco.


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


Ico giti kirakura, kirakomera, ubushorishori bgaco bushika kw ijuru, kibonwa n’abo ku mpera y’isi yose.


Ico giti wabonye gikura kigakomera, ubushorishori bgaco bugashika kw ijuru, kikabonwa n’abo ku mpera y’isi yose,


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ