Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 3:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 3:28
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ at’ Uhoraho aragahezagirwa, ni yo Mana ya Shemu; Kanani we n’abe umuja wiwe.


maze batakambiye Imana mur’ iyo ntambara, irabumva kuko bayizigiye, irabatabara, igabura Abahaguri n’ abāri kumwe na bo bose mu maboko yabo;


Bukeye bgaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugaragwa bg’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yehoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.


Nuk’ Uhoraho arungika umumarayika, atikiza abahizi bose n’abakuru n’ abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje. Nuk’ uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amāramāye. Maz’ ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe, abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.


Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe n’ibane na we, adūge i Yerusalemu mu Buyuda, yubake ingoro y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, ari yo Mana iba i Yerusalemu.


Kandi nshinze itēka, k’umuntu wese azohindura iri bgirizwa, bazositura inkingi mu nzu yiwe, bayishinge bayimumanikeko, kand’ inzu yiwe bayihindure ikirundo c’isakamburira bamuhoye ivyo.


Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.


Uhoraho anezererwa abamwubaha, Anezererwa abitega imbabazi ziwe.


Eh’ ijisho ry’Uhoraho riri ku bamwubaha, Riri ku bīteze imbabazi ziwe:


Imitima yacu izomunezererwa, Kuko twishimiye izina ryiwe ryera.


Uhoraho acungura ubugingo bg’abasavyi biwe, Mu bamuhungirako nta n’ umwe azocirwakw iteka.


Yemwe bantu, mwame muyizigira ibihe vyose: Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro. Sela.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’ impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi,


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ