Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 2:22
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu yishura Farawo, ati Si jewe mbishobora, Nyaguhora ku ngoma, Imana ni yo ija kukwishura ivy’amahoro.


Iserura ibitamenyekana vyo mu mwiza, Kand’ igitūtu c’urupfu igishira ahabona.


I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana, Mu mahonero nta mwambaro hikinzeko.


Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Kukw ah’ uri ari ho har’ isōko y’ubugingo: Mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.


Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.


Ni babiserure, batubarire ibizoba: ni muvuge ivyabayeho ivy’ ari vyo, kugira ngo tuvyiyumvire, tumenye iherezo ryavyo; canke se mutwereke ibizoza.


Ni nde yabivuze uhereye ubga mbere ngo tubimenye, canke ni nde yabivuze kera kugira ngo tuvuge, tut’ Ivyo n’ivy’ ukuri? N’ukuri koko nta wabivuze, n’ukuri nta wavyerekanye, n’ukuri nta wumvise amajambo yanyu.


Rāba ivya mbere birashitse, kandi ndabamenyesha n’ibisha; bitaraseruka ndabibabgira.


Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.


Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.


Nuko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw ijoro. Maze Daniyeli atazira Imana yo mw ijuru.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Igituma mbabgirira mu migani, n’ukw iyo barāba batabona; kand’ iyo bumva batumva, badatahura.


Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:


Uhoraho akabarandura, akabakūra mu gihugu cabo, bivuye kw ishavu abafitiye, n’uburake n’ubushangashirwe bginshi, akabashiburira mu kindi gihugu, nk’uko biri uyu musi.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ