Ni nde yabivuze uhereye ubga mbere ngo tubimenye, canke ni nde yabivuze kera kugira ngo tuvuge, tut’ Ivyo n’ivy’ ukuri? N’ukuri koko nta wabivuze, n’ukuri nta wavyerekanye, n’ukuri nta wumvise amajambo yanyu.
Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.
kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.