Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 2:12
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Ugushangashirwa kw’umwami ni nk’ukwivuga kw’ intambge, Ūmurakije aba yicishije umutwe.


Umuntu ashungumirwa avyura imitongano, Kand’ umuntu w’inkazi agira ibicumuro vyinshi.


Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.


Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.


Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.


Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego: agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ