41 Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.
Yamara nzotuma ab’i Mowabu bahindukira bave mu kinyago mu misi yo hanyuma, ni k’Uhoraho agize. Ivy’ iteka Mowabu haciriwe bigarukiye aho.
Ariko hanyuma nzotuma Abamoni bahindukira bave mu kinyago, ni k’Uhoraho agize.
ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.
Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.
Nukw azoshingiriza ukuboko ibihugu bitari bimwe, kandi n’igihugu ca Egiputa ntikizokira.
Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.
Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.