Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Daniyeli 11:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Daniyeli 11:11
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ako kanya umuntu avugishwa n’Imana arenguka imbere ya Ahabu umwami w’Abisirayeli, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbega ntubona izo ngabo ukuntu ar’ isinzi? ng’ Uyu musi arazigabura mu maboko yawe, ngo Nawe uca umenya kw ar’ Uhoraho.


Maze haza umuntu w’Imana, abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Abasiriya ko bavuze ng’ Uhoraho n’imana ikara mu misozi miremire, ngw Ariko s’imana ikara mu biyaya; ngo none rero, aya masinzi y’ingabo agiye kuyagabura mu maboko yawe, ngo Namwe muzomenya kw ari we Uhoraho.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Kandi non’ ibi bihugu vyose mbishize mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje; ndamuhaye n’ibikōko vyo ku misozi kumukorera.


Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.


Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane.


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ