11 Nuko Daniyeli aca yinginga umubgiriza, uwo wa mukuru w’inkone yashizeho kurāba ivya Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya,
Maz’ uwo mukuru w’inkone abgira Daniyeli, ati Ndatinya umwami segaba, yabagereye ingaburo z’ivyo murya n’ivyo munywa; vyomera bite ababonye mwonze mu maso mudasa n’abandi basore b’urunganwe rwanyu? Muzoba muncishije umutwe ku mwami.
ati Ndakwinginze utugerageze twebge abasavyi bawe imisi cumi, baduhe indya z’insoromano, abe ari zo turya, n’amazi yo kunywa;
Nuk’ uwo mubgiriza aca abakūra kuri vya vyo kurya bāshingiwe, no ku giturire bāri bakwiye kunywa, abaha indya z’insoromano.
Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,