Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.
at’ Ivyo nageze ivyo ni vyava mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ni ho uruvyaro rwa Isirayeli na rwo ruzoreka kuba ihanga mu nyonga zanje ibihe bidashira.
Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.
Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.