Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 9:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.


Mbeg’ impeke z’umutsima mu gusekura barazimenagura? Ereg’ umuntu ntiyokwama arazihūra: mbere naho yozitembagazako ikurudumu y’umukogote wiwe n’amafarasi yiwe, yirinda kutazimenagura.


impwemu ziwe zimeze nk’umugezi ushēshe ugashika no mw izosi, ngo zigosoze amahanga urutaro rumara umuguruka: kand’ umujiginya uzimiza uzoba mu binyigishi vy’ amahanga.


at’ Ivyo nageze ivyo ni vyava mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ni ho uruvyaro rwa Isirayeli na rwo ruzoreka kuba ihanga mu nyonga zanje ibihe bidashira.


Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Kandi nzohuruza kuri Elamu imiyaga ine iturutse ku mpande zine z’ijuru, mbashwiragirize mur’ ivyo birēre vyose; abirukanywe b’i Elamu nta hanga batazoshikamwo.


kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


maze mbasābagiriza mu mahanga, bashwiragirira mu bihugu: nabaciriye urubanza ruhwanye n’ingeso zabo n’ibikorwa vyabo.


Maze bazomenyeshwa yuko nd’ Uhoraho Imana yabo, n’uko natumye bajanwa mu mahanga ar’ inyagano, ngatako nkabakoraniriza hamwe mu gihugu cabo bgite; kandi sinzosubira kugira n’umwe muri bo nsigayo,


Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ