Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 9:8
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Kukw imisi ndwi ishize, nzorekurira imvura kw isi imare imisi mirongwine igwa umurango n’ijoro, ibifise ubugingo vyose naremye ndabimare mw isi.


Nukw ico kibera inzu ya Yerobowamu akaziri, kiraruha kiyikwegera gucibga no guheneberezwa kw isi.


Inyonga z’Uhoraho zir’ ahantu hose, Zītegereza ababi n’abeza.


Kukw ingendo z’umuntu zir’ imbere y’inyonga z’Uhoraho, Kand’ asēna inzira ziwe zose.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.


Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.


Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.


Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari hagati muri mwebge ar’ Imana ifūha; kugira ng’ uburake bg’Uhoraho Imana yanyu bgoye kubaziriringira, akabarandura, akabakūra kw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ