Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 9:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami w’i Ashuri aramwemerera, aradūga atera i Damasiko, arahatsinda; abaho abajana ar’ inyagano i Kiri, kandi yica Rezini.


Maz’ Uhoraho arwaniriza Abanyetiyopiya imbere ya Asa n’ Abayuda; abo Banyetiyopiya baca barahunga.


Bukeye Zera Umunyetiyopiya araza arabatera, afise ingabo ibihumbi igihumbi, n’imikogote y’ intambara amajana atatu, ashika i Maresha.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


uko ni k’umwami w’i Ashuri azojana abo muri Egiputa ar’ inyagano, n’abangajwe bo muri Etiyopiya, abato n’abakuru, bazogenda bambaye ubusa batagira n’ inkweto, n’amatako yabo ar’ ubusa, bimāramāze Egiputa.


Abelamu bapfukūye imitana, Abaramu baje bagendera ku mafarasi, kand’ ab’i Kiri basokoroye inkinzo.


Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. Nagutangiriye Egiputa kw incungu, Etiyopiya na Seba nahahevye kubgawe.


Mbeg’ Umunyetiyopiya yoshobora guhindura urukoba rw’umubiri wiwe, cank’ ingwe yokwihindura amabara yayo? Ivyo bishobotse, namwe mwoshobora gukora ivyiza, mwebge abāmogoreye gukora ibibi.


kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.


Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.


Kandi nzovunagura ibihindizo vy’i Damasiko, mpenebereze ababa mu kiyaya c’i Aveni, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe w’i Beti‐Edeni; kand’ ihanga ry’i Siriya rizokwambukanwa i Kiri ar’ inyagano, ni k’Uhoraho agize.


Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


N’Abawi, imihana yabo yasagaza ikarinda ishika i Gaza, na bo nyene Abakafutori bavuye i Kafutori, bārabatikije, begukira ahantu habo.)


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ