6 kandi ni we yiyubakira ingoro mw ijuru, agahetera ijuru ryiwe kw isi; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
Umwe yaremye inyenyeri zitwa Kilimiya na Oriyoni abe ari we mubaza; ni we ahindura igitūtu c’urupfu kigacika agatondo, n’umurango akawuhindura umwiza w’ijoro; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe;