Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 9:4
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nawe uratubarira abasavyi bawe, uti Muramunzanira ndamurābe.


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva, Abakiza amagorwa yabo yose.


Nuko mu gicugu ca nyuma Uhoraho acishiriza ari mu nkingi y’umuriro n’igicu, arunguruka ingabo z’Abanyegiputa, azica ivutu.


Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.


Kuko ntungiriye igitsure iki gisagara ngo nkizanekw amagorwa, sinkizanekw amahirwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kizotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azogitongoza umuriro.


Kuko nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza, kandi nzosubira kubagarukana mur’ iki gihugu: nzobubaka, sinzobasambura; nzobatēragira, sinzobarandura.


ati Mujane, umuzigame neza, ntugire ico umugira; kand’ ukw azogomba abe ari k’uzomugirira.


riti Genda ubarire Ebedumeleki Umunyetiyopiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba ngira nshitse kur’ iki gisagara ayo nakivuzeko y’ivyago, atar’ ay’ ivyiza; kandi bizoshika uvyibonera kuri nya musi.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ