3 Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.
Kur’ uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe ikarishe nini ikomeye Lewiyatani ca kiyoka kinyaruka, ni co Lewiyatani ca kiyoka cigonyonzora, kand’ azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.
Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.