Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 9:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nah’ ubgibone bgiwe bgoshika kw ijuru, Umutwe wiwe ugashika mu bicu,


Nawe ukavuga, ngw Imana izi iki? Kand’ uti Yoshobora ite guca imanza iri mu mwiza w’ umuzitanya?


Ibaha kuba amahoro, bakayadibamamwo; Kand’ inyonga zayo izihanze ku nzira zabo.


I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana, Mu mahonero nta mwambaro hikinzeko.


Nta mwiza cank’ igitūtu c’ urupfu Ah’ abakora ivy’ ukugabitanya boshobora kwinyegeza.


Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.


Gutera ubgoba kwawe n’ubgibone bgo mu mutima wawe vyaraguhenze, wewe uba mu bihoro vyo mu bitandara, wihase ku mpinga y’ umusozi: naho wokwārika icāri cawe hejuru iyo bigwa nk’inkukuma, nzokumanura ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni ho nzokumanurana n’abamanuka baja muri rwa rwobo, usangey’ abāgiye kera, nkugerēre i kuzimu, ahantu hāhebge uhereye kera, hamwe n’ abamanuka baja muri rwa rwobo, kugira ngo ntiwongere kubābgamwo; kand’ icubahiro nzogikomeza mw isi y’abakiriho.


kugira ngo hoye kugira igiti na kimwe co ku nkengēra y’amazi cishira hejuru kubg’ uburebure bgaco ubgaco, canke ngo gitume ubushorishori bgaco bushika mu bicu, canke ngo hagire ibihambaye vyo muri vyo bihagarara vyishimiye uburebure bgavyo, ari vyo vyose bitungwa n’amazi: kuko vyose vyatanzwe ngo bipfe, bije i bgina i kuzimu, bifadikanijwe n’abantu buntu, n’ abamanuka baja muri rwa rwobo.


Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma, kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ