Amosi 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.