Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 8:8
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’imisozi na yo aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.


Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.


Uyu ni nde asendanisha nka Nili, amazi yiwe agatera imipfunda nk’inzūzi?


Ni Egiputa hasendanisha nka Nili, n’amazi yaho atera imipfunda nk’inzūzi: havuga, hati Hinge nsendanishe, ndenge isi yose; nze ngeseze ibisagara n’ ababibamwo.


Isi ihinze agashitsi, irasambagirika: kukw imigabo Uhoraho yagīriye i Babuloni igihamye, ngw ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.


Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.


Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;


Arikw abarwanizi biwe azotuma batwarwa n’uruzi rusendanisha, kand’ abansi biwe azobakinagiza abashitse mu mwiza.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ