Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.
Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!