Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ngo dushōre ifeza twigurire abarushwa, dushōre n’inkweto twigurire abakene, ngo dushōre n’ibihumbga vy’ ingano?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 8:6
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababgira, nti Twebge uko dushoboye twaracunguye Abayuda bagenzi bacu bāri baraguzwe n’abanyamahanga; ariko mweho bagenzi banyu murabagura, na bo bakīshora ngo tubagure! Baca barihorera babura iryo bavuga.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu,


Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ