Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 8:5
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, ati N’iki kikujanyey’ uyu musi? Kw atari mu mboneko z’ukwezi canke ngo habe kw isabato! Na we ati Pfa kundeka ngende.


ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza.


Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.


Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’ Uhoraho, Amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe.


Ibilo bitangana n’igisesema k’Uhoraho, Kand’ umunzane w’ibinyoma si mwiza.


Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane — eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo!


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


Efurayimu n’Umunyakanani, umunzane w’ibinyoma uri mu kuboko kwiwe: akunda guhendana.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.


At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Nuko ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’ imisi mikuru canke mu vy’ ukwezi kubonetse canke mu vy’ isabato:


Dawidi aramwishura, at’ Ejo ukwezi kuzoboneka, kandi nta cari gikwiye kumbuza gusangira n’umwami; ariko ndekura ngende ninyegeze ku musozi, gushitsa ku musi ugira gatatu ku mugoroba;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ