Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 7:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Isirayeli afata urugendo, arajonjora n’utwiwe twose, ashika i Beri‐sheba, aha Imana ibimazi arabikerera, Imana ya se Isaka.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; ntiyava mu vyaha vyose vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure.


Abantu bawe bera bāhaganje igihe gito gusa; abarwanizi bacu bāsiribanze ahantu hawe hēra.


Turatēterewe, kuko twumvise ibitutsi; mu maso hacu haje ibimāramāre: kukw abanyamahanga binjiye mu myanya yera yo mu ngoro y’Uhoraho.


uti Yemwe misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho: Uku ni k’Umwami Uhoraho abgira imisozi n’uturambi, imigezi n’ imyonga, at’ Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.


Kuko Amosi avuga, ngo Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi ngw Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.


Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ