Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 7:8
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ umugozi nageresheje i Samariya ni wo nzogeresha i Yerusalemu, mpagereshe na karisho nageresheje inzu ya Ahabu; kandi nzohanagura Yerusalemu, nk’uk’ umuntu ahanagura isahani, agaheza akayubika.


Kand’ imanza ziroranye ni zo nzogira umugozi ugera, n’ubugororotsi nzobugira karisho: urubura ruzovumbura ubgo buhungiro bg’ibinyoma, kand’ amazi azosendanisha aho hantu ho kwinyegeza.


Arikw inkongori n’ibinyogoto ni vyo bizocegukira, ibihuna n’ibikona na vyo bizokibamwo; azohageresha umugozi, ni wo bitongozi, na karisho, ni ko gusigara ubusa.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Uhoraho yagabiye gusangangura uruzitiro rw’umukobga w’i Siyoni: Yahageresheje umugozi, ntararuha apfunya ukuboko ngw areke guhonnya; Yateye igihome n’uruzitiro kuboroga; vyiheburiye hamwe.


Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.


Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.


Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ