Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’urekereho ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 7:5
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Twigarurire, Mana y’agakiza kacu, Kand’ ushire umwikomo wawe utugirira.


Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.


Kuko hasigaye igihe gito cane ubushangashirwe n’uburake bganje bigashitswa mu guhona kwabo.


Muri vyo hazoba gushima, n’ijwi ry’abanezerewe: kandi nzobagwiza, ntibazoba bake; nzobaha icubahiro, ntibazoba abo hasi.


Maze bakiriko barabatikiza, nanje nsigaye jenyene, nikubita hasi nubamye, ndaboroga, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira ugeseze amasigarira yose yar’ asigaye ku Bisirayeli, urekuriye uburake bgawe kuri Yerusalemu?


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Ndakwinginze, n’uharire ibigabitanyo vy’aba bantu, nk’ukw imbabazi zawe nyinshi ziri, nk’uko wagenda ubaharira uhereye bakiva muri Egiputa ugashitsa n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ