Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko zimaze kurya ubgatsi bgo mu gihugu, mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’ubahangaze ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 7:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho we, tabara: kukw abakwubaha baheze, Abo kwizigirwa bakennye mu bana b’abantu.


Zizimanganya igihugu cose, bituma igihugu gicura umwiza; zirya icameze cose mu gihugu, n’ivyamye ku biti vyose, ivyo rwa rubura rwashigaje: mu gihugu cose ca Egiputa ntihasigara ikintu na kimwe gitotahaye, naho coba igiti cank’ ikindi cose cameze ku gahinga.


Aravuga, ati Mwami, namba ngiriwe ubuntu imbere yawe, none ndakwinginze Mwami, n’ugendere hagati muri twebge, nah’ ar’ ihanga ritagonda izosi; uharire ibigabitanyo vyacu n’ibicumuro vyacu, wemere kuduhindura ishamvu yawe.


Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.


Ibi vyompi ko bigushitseko, ni nde azokuririra? Ko haje ibitongozi n’ugusangangurwa, bo n’inzara n’inkota, nokuremesha nte?


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:


Maze ndabibabūriye, Pelatiya mwene Benaya aca arahwera. Nanje nca nikubita hasi nubamye, ntera ijwi hejuru, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira uherengeteze rwose amasigarira y’ Abisirayeli?


Maze bakiriko barabatikiza, nanje nsigaye jenyene, nikubita hasi nubamye, ndaboroga, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira ugeseze amasigarira yose yar’ asigaye ku Bisirayeli, urekuriye uburake bgawe kuri Yerusalemu?


Bgirukiro wumve; Bgirukiro uharire; Bgirukiro utege ugutwi ugire ico wokora, ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’ umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.


Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?


Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Maze mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’urekereho ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa?


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Zibgirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw isi cank’ ikintu cose kibisi cank’ igiti cose, atar’ abantu batādomwekw ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ