Bashitseyo, abīgishirizwa i Beteli ivy’ ukuvugishwa baza gusanganira Elisa, baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.
Bashitseyo, abīgishirizwa i Yeriko ivy’ ukuvugishwa baza kuri Elisa baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.
Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoshafati, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’ imperēra, vyanditswe mu vyo Yehu mwene Hanani yadonze, vyashizwe mu gitabo c’abami b’ Abayuda.
Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.
Maz’ abāri basanzwe bamuzi bose, babonye arikw aravugishwa hamwe n’abandi, barabazanya, bati Mbega mwene Kishi yabaye iki? None Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?