12 Kandi Amaziya atakw abgira Amosi, at’ Ewe kamenyi, enda genda uhungire mu gihugu c’i Buyuda, abe ari ho urīra utwawe, kand’ abe ari ho uvugishirizwa:
Maze Asa ashavurira kamenyi uwo, amushira mw ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe‐bamwe.
babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;
Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.
Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.
Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.
Kuko Amosi avuga, ngo Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi ngw Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.
Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.
Abo mur’ ico gisagara bose baja gusanganira Yesu. Bamubonye, baramwinginga ngw ave mu ntāra yabo.
Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.
baraza, babakomera ibōbo, barabasohora, babinginga kuva mur’ ico gisagara.
Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.
Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.
Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.
Ngo Kand’ uko bizogenda n’uku: ng’ Umuntu wese w’agasigarira ko mu nzu yawe azoza amwikubite imbere, amusabe agafeza n’agatsima, amubgire, ati Ndakwinginze, umpe agakorwa kamwe ko mu vy’ubuherezi, kugira ngo mbone utwo kuntunga.
(Kera mu Bisirayeli, umuntu iyo yagira ic’ aja gusiguza Imana, yavuga, ati Hogi tuje kwa kamenyi; kuk’ uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi.)