Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 7:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuko Amosi avuga, ngo Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi ngw Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 7:11
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


Biriza umusi bagoreka amajambo yanje, Ivyiyumviro vyabo vyose n’ ivyo kungirira nabi.


N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.


Nuko bumvise amajambo yose, beraguzanya bafise ubgoba, babarira Baruki, bati Ntitwobura kubarira umwami ayo majambo yose.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.


Kandi Amaziya atakw abgira Amosi, at’ Ewe kamenyi, enda genda uhungire mu gihugu c’i Buyuda, abe ari ho urīra utwawe, kand’ abe ari ho uvugishirizwa:


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano.


bat’ Uyo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.


kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ