Amosi 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Uhoraho aranyereka, mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rw’ Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni yar’ amaze kujana Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’i Buyuda, kw inyagano, bo n’abaganwa b’i Buyuda n’ababāji n’abacuzi, abakūra i Yerusalemu abashikana i Babuloni.