Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Amosi 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Amosi 6:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baraheza baricara ngo barye; bunamuye amaso babona igugu ry’Abishimayeli bavuye i Gileyadi, bari n’ingamiya zīremētse imibavu n’imiti yo gusomōra n’isenga, babimanukana muri Egiputa.


Hāri hakinze impuzu zera n’izisa n’akatsi gatoto n’iz’ amasufe, zimanikishijwe imigozi y’ibitambara vyera vyiza n’iy’ inyambarabami, ifashwe n’impeta z’ifeza ku nkingi z’amabuye yitwa marimari; hāri n’imisegamuro yakozwe mw izahabu n’ifeza, iteretse ku musezero wa marimari nyene y’amabara y’ agahama n’ayera n’ay’ umuhondo n’ayirabura.


Amaso yabo avanywe i mutwe no kuvyibuha, Bafise ibiruta ivyo umutima wokwifuza.


yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


Kandi ntuze winjire mu nzu y’amazimano ngo wicarane na bo, usangire na bo.


Rāba, ibi ni vyo bigabitanyo vya murumunawe Sodomu: kugira ubgibone, n’ukwibera mu gahimbo k’indya, n’ ugutsindaza ata co yinona; ivyo ni vyo vyari muri we no mu bakobga biwe; kandi ntiyatabaye impahazwa n’umukene.


mwicara ku musegamuro mutimbitse, har’ ameza agemetse imbere yawo, muyaterekakw imibavu yanje n’amavuta yanje ya elayo.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ